Abantu bose bakuze muri Vietnam bategerezwa gutanga amaraso

Ahavuye isanamu, Science Photo Library
Vietnam ishaka kubwiriza abantu bose bakuze gutanga amaraso
Ubushikiranganji bujejwe amagara muri Vietnam bwasohoye integuro y'itegeko ibwiriza abantu bose bakuze gutanga amaraso, mu gihe ikigega cayo kigeramiwe.
Iryo tegeko rizobwiriza abantu bose ata ngorane z'amagara bafise, bari hagati y'imyaka cumi n'umunani na mirongo itandatu, gutanga amaraso n'imiburiburi rimwe ku kwezi.
Iryo tegeko, rikeneye kwemezwa n'inama nshingamateka, ryashavuje benshi muri Vietnam, bamwe bakavuga ko rihonyanga agateka ka kiremwa muntu.