FIFA yongereje igitigiri c'ibihugu bizokinira igikombe c'isi

Ujerumani

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ubudagi bwaratsinze igikombe c'isi muri Brezil mu 2014

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA ryemeje umugambi wo kwongereza igitigiri c'imigwi izokinira igikombe c'isi gushika ku 48.

Uwo mugambi uzotangura gushirwa mu ngiro mu nkino z'igikombe c'isi zo mu 2026, ukazogirira akamaro cane imigabane ya Afrika na Asia.

Uwo mugambi washikirijwe kandi ushigikirwa n'umukuru wa Fifa Gianni Infantino wemejwe n'abari bahari bose mu gisagara ca Zurich ku musi wa kabiri.

Bubaye ubwa mbere hongerezwa igitigiri c'ibihugu bija mu gikombe c'isi kuva mu 1998.

Infantino w'imyaka 46, yasubiriye Sepp Blatter nk'umukuru wa FIFA mu kwezi kwa kabiri mu 2016 yari yiyamamaje avuga ko azokwongereza ibihugu bizoja mu gikombe c'isi.

Ubwa mbere yari yasavye ko hoba imigwi 40, iciyumviro cari cazanye n'uwahoze ari umukuru wa UEFA ico gihe, Michel Platini mu 2013, imbere y'uko ahindura aho ahagaze ashigira ko yoba imigwi 48.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Prezida wa Fifa Gianni Infantino ashaka ko haba ibihugu 48 bija mu gikombe c'isi

Muri uwo mugambi washikirijwe na Infantino ubu, inkino zikwiyongera kuva kuri 64 gushika ku 80, ariko ariko urukino rwa nyuma ruzokinwa mu misi 32 nk'uko bimeze ubu.

Nta gihugu kizokina inkino zirenga indwi, nk'uko bisanzwe biri ubu.

Ariko bishobora gushika ko hazoterwa penaliti hagati y'ibihugu bizonganya mu migwi birimwo.

Kahise k'ingene hagiye harahinduka ibintu mu gikombe c'isi