Barrow: Ntibikenewe ko Jammeh ahunga Gambia

Yahya Jammeh (ifoto ya kera) Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Yahya Jammeh yagirizwa ko atwaza umukazo

Uwatahukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kwa cumi na kabiri muri Gmabia avuga ko bidakenewe ko prezida Yahya Jammeh arondera ubuhungiro kandi ko yizeye ko haba ibiganiro vyo vyo gutora inyishu y'ayo matati.

Adama Barrow yabwiye BBC ko yizeye ko ashobora gushikirizwa ubutegetsi mu ndwi iza n'aho uwo barushanwa yanse kuva ku butegetsi.

Prezida wa Nigeria yitezwe i Banjul kugerageza kugondoza Yahya Jammeh.

Abashingamateka ba Nigeria baraye bemeje itegeko ryemerera ubuhungiro Jammeh mu gufasha muri ivyo biganiro.

Ikiringo ca Yahya Jammeh kizorangira ku wa gatatu w'indwi iza, ariko ashaka ko ivyavuye mu matora bifutwa inyuma y'aho akanama kajejwe amatora gahinduriye bimwe mu biharuro vyayavuyemwo - kakavuga ko ata ngaruka vyagize ku vyari vyashikirijwe imbere.

Uwo mutegetsi w'imyaka 51, yari yabanje kwemera ko yatsinzwe mu matora yo kw'itariki ya 1 ukwezi kwa cumi na kabiri, yari yafashe ubutegetsi ku nguvu mu 1994, kandi akaba yagirizwa uguhanyanga agateka ka zina muntu, n'aho yagumye ategura amatora uko bitegekanijwe.

Sentare ntahinyuzwa ntizoshobora kumviriza urwo rubanza gushika mu kwezi kwa gatanu kubera abacamanza badakwiye, kandi Jammeh avuga ko atazova ku butegetsi imbere y'uko kwezi.

Abategetsi b'ishirahamwe ECOWAS, barongowe na prezida wa Nigeria Muhammadu Buhari, vyitezwe ko bashika muri Gambia ku wa gatanu ku mugoroba, kugerageza kandi kugondoza Jammeh ngo ave ku butegetsi ikiringo ciwe kirangiye.

Uo mugwi w'abategetsi baragabishije ko bashobora gukoresha inguvu mu kumukura ku butegetsi, mu gihe yovyanka ku neza.

Ariko Barrow yavugiye mu kiganiro ca Newsday kuri BBC ko yipfuza "ihererekanywa ry'ubutegetsi mu mahoro".

Yavuze ko yakiriye nezaingingo y'abashingamateka ba Nigeria yo guha ubuhungiro Jammeh, ariko ko yumva ko ibintu "bitazoshika iyo hose".

"Dushaka ko Jammeh aguma muri Gambia, sinibaza ko bikenewe kuri we ko aja mu kindi gihugu."

Yahamagariye prezida Yahya Jammeh "kwubahiriza ibwirizwa shingiro" no kwitaba ibiganiro bitaziguye.

"Dutora inyishu y'ibibazo vyacu ata muntu wo hanze abigiyemwo. Nibaza ko ari vyo twoshima," ni ko yavuze.

Umushingwamanza wa prezida Jammeh ku musi wa kane yasavye sentare ntahinyuzwa ko yohagarika irahizwa rya Barrow.

Barrow yatahukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu ku majwi 43.3%, Jammeh aronka 39.6% Mama Kandeh na we aronka 17.1 %