Afcon 2017: Inkino z'ibihugu vya Afrika ziratangura

Ihiganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru mu bihugu vya Afrika riratangura uyu musi muri Gabon
Image caption Ihiganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru mu bihugu vya Afrika riratangura uyu musi muri Gabon

Ihiganwa rigira irya 31 ry'igikombe c'umupira w'amaguru ku mugabane wa Afrika riratangura uyu musdi ku wa gatandatu isha 16:00 GMT (isaha 18:00 mu Burundi no mu Rwanda). aho Gabon iza gutana mu mitwe na Gunnee Bissau.

Imyaka mirongo itandatu iraheze hakintwe urukino rwa mbere rwa nyuma rwo kumenya igihugu ca mbere mu mupira w'amaguru muri Afrika, urukino rwabaye mu 1957 mu gihugu ca Sudani.

Ni ibihugu bitatu gusa vyagiye muri iryo higanwa, icatahukanye intsinzi akaba ari Misri.

Muri uyu mwaka hazokinwa inkino 32 mu misi 23, hakaba harimwo imigwi nserukiragihugu 16.

Inkino zitangurira mu migwi, iyo na yo ikaba ari ine, umwe wose ugizwe n'ibihugu bine nyene.

Uwozotahukana intsinzi azomenyekana itariki 5 z'ukwezi kwa kabiri, akazoca aronswa igikombe cakorewe mu gihugu c'Ubutaliyano hamwe n'amadolali imiliyoni zine.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Gabon Emmanuel Issoze Ngondet ateruye ico gikombe

Abanyafrika barindiranye igishika izo nkino, ari na zo zikomeye cane ku mugabane wa Afrika.

Bubaye ubugira kabiri gihugu ca Gabon cakira izo nkino inyuma y'imyaka itanu cakiriye inkino nk'izo bafashanije n'igihugu ca Guinee Equatorial.

Baronse akaryo ko gutegura izo nkino, inyuma y'aho Libya ikuriyemwo akarenge kubera intambara ziriko zirahabera.

Gabon ni co gihugu kiza inyuma cane ku rutonde rwa FIFA rwo mu kwezi kwa mbere ugereranije n'ibindi bihugu vyitavye iryo higanwa, kuko kiri mu kibanza ca 108.

Ariko bafise abakinyi rurangiranwa nka Pierre Emerick Aubameyang akinira umugwi wa Dortmund mu Budagi

Abakinyi

Uretse Aubameyang, abantu benshi bazoba kandi bahanze amaso umukinyi mwiza wa BBC na CAF, Riyad Mahrez wa Algeria hamwe n'umukinyi akomeye cane Sadio Mane wa Senegal.

Uwufise ububasha kw’isanamu Lukas Schulze
Image caption Aubameyang yarahushije penaliti bariko barakina na Mali igihe Gabon yaherukira gutegura izo nkino

Mu bakinyi bari mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, hazoba hari uwo muri Man United, Eric Bailly wo muri Cote d'Ivoire, Andre Ayew wa West Ham azoba ari mu mugwi wa Ghana, Islam Slimani wa Leicester City wo Muri Algeria hamwe n'umukinyi wa Crystal Palace wo muri Cote d'Ivoire Wlfried Zaha.

N'umukinyi wa Misri Mohamed Salah asigaye akomeye cane kuva avuye muri Chelsea akaja mu mugwi wa Roma mu Butaliyano.

Uwufise ububasha kw’isanamu KAZUHIRO NOGI
Image caption Umunyegoli wa Uganda Denis Onyango yatahukanye agashimwe k'umukinyi mwiza wa Afrika akinira mu gihugu iwabo

Ni ubwa mbere Uganda ija muri izo nkino inyuma y'imyaka 39, bakaba bafise umunyegoli Denis Onyanga yatsindiye agashimwe ka CAF k'umukinyi mwiza wa Afrika ari mw'ihiganwa ryo mu gihugu ciwe.