Mu mafoto: Afrika iyi ndwi yo kuva 7-12, mu kwa mbere 2017

Amafoto meza cane yegeranijwe muri Afrika muri iyi ndwi

Insiguro y'isanamu,

Ku wa gatandatu itariki 7 z'ukwezi kwa mbere, uyu mwana yerekanye urukundo afitiye prezida mushasha wo muri Ghana, Nana Akufo-Adoo igihe yariko arashikirizwa ubutegetsi mu gisagara ca Accra.

Insiguro y'isanamu,

Uwo musi nyene, umuvuzi w'ingoma ariko aratamba...

Insiguro y'isanamu,

Aba bagabo na bo bariko baravuza inzamba

Insiguro y'isanamu,

Mu gihugu kibanyi ca Cote d'Ivoire abasirikare baragumutse bihereza amabarabara y'igisagara ca Bouake, igisagara kigira kabiri muri ico gihugu basaba uturusho...

Insiguro y'isanamu,

Inkuru za yegereyegere yabo zateye ingorane mu ruja n'uruza. Imodoka vyaranse ko zinjira i Bouake bituma ingenzi zibura ayo zicira n'ayo zimira

Insiguro y'isanamu,

Ku wa mungu, abapfasoni bahurikiye muri kampanye ya #BringBackOur Girls baragize imyiyerekana i Abuja muri Nigeria mu kwibuka imisi 1000 irangiye abigeme bo kw'ishure ya Chibok banyurujwe...

Insiguro y'isanamu,

Abo bari mu myiyerekano ariko barashwiragijwe n'igipolisi

Insiguro y'isanamu,

Umuzamu acunze ibimodoka bizokoreshwa na gariyamoshi zigezweho zatangujwe ku mugaragaro mu gisagara ca Mombasa muri Kenya ku musi wa gatatu

Insiguro y'isanamu,

Ku musi wa gatatu kandi aba bakinyi ba Basketball bagendana ubumuga baragize imyimenyerezo mu gisagara ca Juba

Insiguro y'isanamu,

Mu gihe muri Tunisiaabasore bariko baratera amabuye ku kirindiro c'abapolisi hagufi y'urubibe bihana na Libya binubura kubuzwa urudandaza aho ku rubibe.

Insiguro y'isanamu,

Ku musi wa kabiri, umukobwa w'umushikiranganji w'ibidukikije mu Burundi, Emmanuel Niyonkuru, yishwe n'abantu bitwaje inkoho, ariko arahezagira ikiziga ciwe ku musi w'amaziko i Bujumbura

Insiguro y'isanamu,

Ku musi wa gatatu, umupolisi wo muri Algeria yararavye ingene umwigeme, umuryango wiwe utagira aho ukika umusaya, 'anywa isupi y'igihe c'imbeho'. Ku gushaka kwaco, igipolisi kiriko kiraha isupu abantu batagira aho baba muri Algeria muri iki gihe hari imbeho nyinshi

Insiguro y'isanamu,

Ku musi wa mbere, abana bahunze intambara mu bumanuko bwa Kaduna, muri Nigeria bahagaze iruhande y'inzu basavyemwo ubuhungiro

Ifoto zafashwe na AFP, EPA, Reuters