Yahariwe ivomo azira gukunda umuhungu w'umwirabure

Umusore yirabura ni Michael Swift n'umukunzi wiwe Allie Dowdle
Insiguro y'isanamu,

Umusore yirabura ni Michael Swift n'umukunzi wiwe Allie Dowdle

Umunyeshure umwe yaronse intererano y'amadolali 10.000 y'abanyagihugu inyuma yo kuvuga ko se wiwe na nyina bamwirukanye bamuziza gukundana n'umwirabure.

Allie Dowdle avuga ko abavyeyi biwe banse kumuha amahera kubera batanezerejwe n'uko bakundana n'uwo musore w'umwirabure.

Ahavuye isanamu, facebook

Insiguro y'isanamu,

Allie Dowdle w'imyaka 18 avuga ko abavyeyi banse urukundo rwiwe n'uwo musore w'umwirabure Michael Swift

Ku rubuga rwiwe rwa GoFundMe, Allie yavuze: Mfise imyaka 18, abavyeyi banje banse kumfasha mu buzima bwanje banyaka n'ivyo nari ntunze vyose.

Se w'uyo mukobwa arahakana ko igituma bamwankiye uwo muhungu atari ukubera urukoba.

Ahavuye isanamu, VCSO

Insiguro y'isanamu,

Allie Dowdle avuga ko abavyeyi biwe bamwimye amahera, imodoka, telefone n'amahera y'ishure kubera akunda Michael Swift

Allie avuga ko we na Michael Swift bari bamaze umwaka bakundana inyuma yo kubibwira abavyeyi biwe, ariko iza kuba ingorane gusumba inyuma y'aho Michael abonaniye n'abavyeyi b'uwo mwigeme.

Avuga ko inyuma y'uwo mubonano, abavyeyi biwe baciye bamuharira ivomo, ubu akaba adashobora kuronka amahera bamubikishirije, imodoka, itelefone, ntanashobora kwirihira ishure.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Umusore w'umwirabure Michael Swiftakundwa n'umwigeme w'umuzungu Allie Dowdle

"Dawe nta yindi nsiguro yampaye, yambwiye ko ntarekuriwe kubonana na Michael", ni ko yavuze. Kubera iki? Kubera irangi ry'urukoba rwiwe.

"Sinzibagira ingene abavyeyi banje bansugereje bambwira ingene bashavujwe nanje kandi nari gushobora ngo kurondera umuntu mwiza aruta aho".

Ahavuye isanamu, facebook

Insiguro y'isanamu,

Allie Dowdle avuga ko atakibana n'abavyeyi biwe