'Abanyororo bicanye ' mw'ibohero rya Alcacuz muri Brezil

Abanyororo kw'ibohero rya Alcacuz mu gisagara ca Natal Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanyororo bari bahagaze hejuru y'ibohero rya Alcacuz

Abanyororo bigaruriye bongera baragenzura ibohero rinini riri mu ntara ya Natal irimu buraruko bushira ubuseruko bwa Brezil .

Igipolisi kivuga ko abanyoro cumi biciwe mw'ibohero rya Alcacuz.

Abandi benshi bashobora kuba biciwe mu ntambara yabaye hagati y'imigwi ibiri idandaza ibiyovyabwenge mw'ibohero i Rio Grande Do Norte sate.

N'imigumuko y'abanyororo igira gatatu ibaye muri uyu mwaka.

Abanyororo bababa ijana barapfiriye mu mishamirano yo mu ntango z'uyu mwaka mu mabohero yo mu ntara za Amazonas na Roraima.

Imidurumbanyo yo mw'ibohero rya Alcacuz yatanguye ku wa gatandatu, aho abagize umugwi w'abicanyi ukomeye cane bapfungiwe mu mabohero nka yose ya Brezil batera abakeba babo bapfungiwe mu rundi ruhande.

"Twarabonye imitwe bakase" ya batatu mu banyororo bishwe, uko ni Zemilton Silva, umuhuzabikorwa muri iryo bohero avuga.

"We could see the heads ripped off'' three of the killed prisoners, said Zemilton Silva, coordinator of the prison system.

'Benshi bapfuye'

Ibintu biturika n'urwamo rw'amasasu vyumvikana uri hanze y'ibohero.

Maj Wellington Camilo, arongoye ibohero rya Rio Grande do Norte state, yavuze ko igipolisi corindira gushika mu gitondo kugira cinjire muri iryo bohero.

Explosions and gunshots could be heard from outside.

Major Wellington Camilo, commander of the Rio Grande do Norte state prison system, said police would wait until the morning to enter the compound.

"Abantu benshi bapfuye. Ariko ntibishoboka ko twinjira muri iryo bohero ubu." ni ko yavuze.

Na munyororo n'umwe yatorotse, ni ko yongeyeko.

Abantu barenga 20 bafise abapfungiwe ngaho bari bakoraniye imbere y'iyo bohero barindiriye inkuru y'imvaho

Itana mu mitwe ry'abanyororo mu mabihero apfungiwemwo abantu barenze urugero rirasanzwe, aho usanga agenzurwa n'imigwi y'abicanyi karuhariwe.

Ariko intera ubwicanyi bufashe muri uyu mwaka, isaba ko prezida Michel Temer afata ico kibazo mu minwe.

Inyuma y'ubwicanyi bwabereye i Amazonas, reta yamenyesheje ko igiye kwubaka ayandi mabohero atanu acungerewe cane ishireho n'igisata gishasha c'iperereza gifise intumbero yo kugabanya ububasha bw'abicanyi bari mw'ibohero.