Abanye Gambia bariko barahunga imbere y'uko Barrow ashikirizwa ubutegetsi

Ubwato i Banjul
Image caption Ubwato butwaye abantu mu ruzi Gambia bugana umugwa mukuru wa Senegal, Dakar

Umukozi wo ku kivuko gikuru ca Gambia yabwiye BBC ko abantu ibihumbi n'ibihumbi bahunga buri musi batinya intambara.

"Abantu umutima urahagaze, bariko barahunga" mu gihe batazi ibigiye gushika , uko ni ko yavuze.

Adama Barrow yatsinze amatora mu kwezi guheze, ugushikirizwaa ubutegetsi bikaba bitegekanijwe k musi wa kane.

Ariko prezida Yahya Jammeh yariyamirije ivyyavuyemwo, akaba yaranse kuva ku butegetsi gushika sentare nkuru ice urwo rubanza.

Abamuburanira bakaba basavye ubutungane guhagarika irahizwa ryiwe - bikaba vyitezwe ko sentare ifata ingingoku wa mbere.

Inama nshingamateka na yo yahamagawe ikitaraganya.

N'aho igitumye bahura kitaramenyekana, umumenyeshamakuru wa BBC Umaru Fofana ari i Banjul avuga ko bishoboka baza gusbwa kwongereza ikiringo ca Yahya Jammeh.