Umwicanyi yahitasnye u uzima bw'abantu 30 i Istanbul yahagaritswe

Ifoto z'uwo mwicanyi zarakwiragijwe hose n'igipolisi inyuma y'ico gitero
Image caption Ifoto z'uwo mwicanyi zarakwiragijwe hose n'igipolisi inyuma y'ico gitero

Ibimenyesha akuru vyo muri Turkia bivuga ko uwagirizwa kugira ibitero buja ari umwaka mushasha i Istanbul yahagaritswe.

Abdukadir Masharipov vyemezwa ko ari we yagize ico gitero cahitanye abantu 39 ku nzu yo kwidagaduriramwo ya Reina mw'ijoro.

Image caption Abdulkadir inyuma yo gufatwa

Yafatiwe mu karere ka Esenyurt mu gisagara ca Istanbul.

Abanyagihugu ba Israel, Tunisia, Liban, India, Ububiligi, Yordania na Arabie Saudite bari mu bishwe mu gihe abandi amajana n'amajana bakomeretse.