Gambia: Inama nshingamateka yongeye ikiringo Yahya Jammeh

Ahavuye isanamu, AFP
Yahya Jammeh yagiye ku ntwaro ahiritse ubutegetsi mu 1994
Umukuru w'igihugu Yahya Jammeh agiye kubandanya arongora igihugu ca Gambia ku yindi minsi 90 nkuko inama nshingamateka yemeje nuko hafatwa amategeko yo mu bihe bidasanzwe yavyemeje.
Abakuru bo mu karere baragabishije ko bashobora gukoresha inguvu za gisirikare mu kugondora Bwana Jammeh kuva ku butegetsi asabwa gushikiriza prezida yatowe Adama Barrow ku munsi wa kane.
Abantu baharugwa mu bihumbi vy'abongereza n'abanye Hollandi bariko barimugwa bakugwa mu gihugu ca Gambia.
Ico gihugu kirakunze kugendegwa n'abakerarugendo ba Buraya kubera ibibanza vyinshi vyo kuryohereregwamwo gifise ku nkengera z'ibahari.
Gambia iri mu ruhagarara kuva igihe Bwana Jammeh yanse kwemera intsinzi ya Bwana Barrow mu matora yabaye itariki 1 y'ukwezi kwa cumi na kabiri.
Abakuru bo mu karere baragerageje kumugondoza ngo ave ku butegetsi birabura.
Igihugu ca Nigeria kiramaze kugomora ubwato bwaco bw'ingwano ngo kirabe ko Jammeh yokwemera gukinjura.
Ishirahamwe ry'akarere mu vy'ubutunzi "Economic Community of West African States" (Ecowas) ryarateguye inteko z'igihugu ca Senegal ariko rikavuga ko gukoresha inguvu za gisirikare yoba inyishu ya nyuma.
Mu itangazo yashikirije ku munsi wa kabiri ku imbonerakure, Bwana Jammeh yavuze ko "ibikorwa vy'ukutubaha amategeko ya Gambia, uguhimiriza abanyagihugu mu bwicanyi canke mu bindi bikorwa vyodurumbanya umutekano n'amahoro" bibujijwe mu mategeko yafashwe yo mu bihe bidasanzwe.
Yavuze ko inteko z'umutekano zasabwe "kubungabunga amahoro, ukwubahiriza amategeko no kugumiza ibintu mu buryo".
Inama nshingamateka yihanikije ivyo yise"ukwivanga kubi kandi kudaciye mu mategeko" kw'umuryango w'ubumwe bwa Afrika n'igihugu kibanyi ca Senegal mu buzima bw'igihugu ca Gambia.