AFCON 2017: Ghana yatsinze Uganda 1-0

Andrew Ayew ni we yinjije igitsindo cahaye intsinzi umurwi wa Ghana Uwufise ububasha kw’isanamu JUSTIN TALLIS
Image caption Andrew Ayew ni we yinjije igitsindo cahaye intsinzi umurwi wa Ghana

Uwo mukinyi akinira ku ruhande mu murwi wa West Ham yinjije igitsindo ca penalite ku munota wa 32 inyuma yaho kizigenza w'umurwi Asamoah Gyan asunikiwe.

Abakinyi ba "Cranes" baragerageje kurondera ibitsindo bahurirana nuko abo muri "Black Stars" nabo bariko barazibirira igitsindo bari bamaze kwinjiza.

Uganda yarahatswe kwinjiza igihe umukinyi Faruku Miya akubise ku mwamba ariko munyuma umurwi uca urazima.

Mu gice ca mbere Ghana yagumye isatira urugo rwa Uganda, abakinyi Andre Ayew, uwo bavukana Jordan hamwe na Atsu bakaba bari babangamiye abakinyi b'inyuma ba Uganda.

Ni urukino rwababaje umurwi wa Uganda bubaye ubwa mbere usubira gukina kuva 1978 inyuma yaho uburiye igikombe mu rukino rwa nyuma (finale) rwabahuje n'umurwi w'igihugu ca Ghana cari cakiriye iryo higanwa.

Ghana izohura na Mali ku munsi wa gatandatu mu gihe Uganda nayo izoba ikina na Misiri imaze gutwara ico gikombe incuro indwi.