Gambia: Prezida Jammeh yanse kurekura ubutegetsi

Ahavuye isanamu, AFP
Yahya Jammeh yagiye ku ntwaro ahiritse ubutegetsi mu 1994
Adama Barrow yatsinze Jammey mu matora mu kwezi guheze, yategerezwa kurahizwa ka mukuru w'igihugu mushasha ku musi wa kane, ariko Jammeh ntiyitayeho ivyiryo sango.
Ibihugu vyo muri Afrika y'uburengero vyiteguye gukoresha inguvu za gisirikare ngo bitange ubutegetsi.
Umukuru w'igihugu ca Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz vyanse ko yubahiriza isango ryo ku munsi wa kane bitewe nuko ibiganiro na Bwana Jammeh ataco vyashitseko.
Bwana Abdel Aziz yarasimbiye i Banjul, umurwa mukuru wa Gambia, ku munsi wa gatatu kubonana na Bwana Jammeh imbere yuko aja ku kibuga c'indege c'i Dakar kuvugana na Bwana Barrow hamwe na prezida wa Senegal Macky Sall.
"Ndafise icizere gito [ko Bwana Jammeh] azorondera inyishu iciye mu mahoro ibereye ku nyungu za bose," niko Bwana Abdel Aziz yavuze.
Ingabo za Senegal zigavye magabo ku rubibe rwa Gambia naho ikiringo cuko Jammeh arekura ubutegetsi carenze kuva isaha zitandatu z'ijoro.
Umugambi wo gukoresha inguvu za gisirikare ushigikiwe na Nigeria hamwe n'ibindi bihugu vyo mu karere.
Ku rundi ruhande umukuru w'ingabo wa Gambia Ousman Badjie yavuze ko abasirikare biwe batazogwana n'aba Senegal ni baramuka binjiye mu gihugu, nkuko itororokanirizo ry'amakuru AFP ryabimenyesheje.
"Igisirikare ntikizokwinjira muri ivyo bintu, izo ni impari za politike," niko yavuze. "Sinzorungika abasirikare banje mu ngwano idasobanutse. Ndakunda abantu banje."