Man Utd: umurwi wa mbere wa Premier League winjiza menshi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pogba (hasi i buryo), umukinyi yatangiwe menshi mu mahiganwa ya Buraya mu mwaka 2016/2017

United yakuye kuri ico kibanza Real Madrid-yari murico imyaka 11-ikba yinjije imiliyoni 689 euros mu mwaka 2015-16.

Amahera y'uwo murwi wa Premier League yiyongeye imiliyoni 100 euros.

Imirwi yose ya Premier League uko ari 20 igiye hamwe mu 2015-16, ubutunzi bwayo bwiyongeye 12% ni ukuvuga imiliyardi 7.4 euros-buba bubaye ubwa mbere agera ngaho.

Bubaye ubwa mbere kandi Manchester United igiye hejuru ku rutonde rukogwa ku mwaka rwa "Deloitte Football Money League" kuva 2003-04.

Real yagiye mu kibanza ca gatatu inyuma ya Barcelona uguma uri uwa kabiri.

Umurwi Bayern Munich wo mu Budagi uri mu kibanza ca kane, Manchester City ica gatanu. Ni ubwa mbere iyo mirwi uko ari ibiri ija mu bibanza bitanu vya mbere.

Imirwi Arsenal, Chelsea, Liverpool na Tottenham yagumye mu bibanza ic'indwi, umunani, icenda na cumi na kabiri; mu gihe West Ham iri mu kibanza ca 18.

Urutonde rwa Detroite mu mwaka 2015-16 na 2014-15 rwifashe kuno ku mirwi cumi ya mbere (imiliyoni za euros):

1 (3) Manchester United689 (515.3)519.5 (395.2)

2 (2) Barcelona620.2 (463.8)560.8 (426.6)

3 (1) Real Madrid620.1 (463.8)577 (439)

4 (5) Bayern Munich592 (442.7)474 (360.6)

5 (6) Manchester City524.9 (392.6)463.5 (352.6)

6 (4) Paris St-Germain520.9 (389.6)480.8 (365.8)

7 (7) Arsenal468.5 (350.4)435.5 (331.3)

8 (8) Chelsea447.4 (334.6)420 (319.5)

9 (9) Liverpool403.8 (302)391.8 (298.1)

10 (10) Juventus341.1 (255.1)323.9 (246.4)