Adama Barrow yimitswe mu gihugu ca Senegal

Ahavuye isanamu, Reuters
Adama Barrow ari mu gihugu ca Senegal kuva mu mpera z'indwi iheze
Bwana Barrow yimikiwe mu biro vy'uwuserukira Gambia muri Senegal.
Yemejwe n'umuryango mpuzamakungu mu gihe Yahya Jammeh yanse kuvirira ubutegetsi, ikiringo ciwe kikaba giheruka kwongerwa n'inama nshingamateka.
Abakuru b'ibihugu vya afrika y'uburengero baragerageje kugondoza Bwana Jammeh ngo yemere ko yatsinzwe amatora munyuma bamugabisha ko bashobora kumukura ku butegetsi ku nguvu.
Bwana Jammeh yaratsinzwe amatora mu kwezi guheze munyuma asaba ko ivyavuyemwo vyofutwa asigura ko hari amakosa yakozwe igihe c'amatora.
Ivyo birori vyo kwimikwa vyarimwo abaserukira ibihugu vya Buraya muri Senegal mu gihe abenegihugu ba Gambia bari muri Senegal bari hanze baje kubikurikirana.
Inteko za gisirikare z'ibihugu vya Afrika y'uburengero ziri ku mupaka zirindiriye gushikiriza ubutegetsi ku nguvu mu gihugu ca Gambia gifise inkengera zihurumbigwa n'abanyaburaya baza mu karuhuko.
Senegal hamwe na Ecowas barindiriye ko akanama kajejwe umutekano ka Onu gatanga uruhusha rwo kwinjira ku nguvu muri Gambia. Mu gihe ako kanama gasanzwe gashigikiye ikoreshwa ry'inguvu, bamwe mu ba "diplomates" bavuga ko urwo ruhusha rushobora kudakenegwa igihe Barrow yoba asavye gufashwa aja yamaze kurahira.
Hagataho ikiringo ca Bwana Jammeh congewe ayandi mezi atatu na bibiri vya gatatu vy'abashingamateka, abahinga mu vy'amategeko bakavuga ko agikwiye kwitwa umukuru w'igihugu.