Prezida Barrow avuga ko Jammeh yiteguye kugenda

Abashigikiye prezida yatowe Adama Barrow mu mabarabara Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyrightAFP / GETTY IMAGES
Image caption Abashigikiye prezida yatowe Adama Barrow mu mabarabara

Adama Barrow yasohoye iryo tangazo ku rubuga rwa Twitter inyuma y'ibiganiro vyatwaye amasaha vyo kugondoza Bwana Jammeh ngo yemere ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu.

Ibihugu vyo muri Afrika y'uburengero vyagomoye abasirikare mu gihugu ca Gambia biteguye kumukura ku butegetsi ku nguvu.

Bwana Barrow amaze iminsi mu gihugu kibanyi ca Senegal, akaba yarahiriye mu nyubakwa y'ubuserukizi bwa Gambia muri Senegal ku munsi wa kane.

Ni we mukuru w'igihugu yemewe n'amakungu mu gihe yatsinze amatora yo mu kwezi guheze.

Bwana Jammeh yari yasabwe gukinjura ku mutaga bitagenze uko agakugwa ku nguvu ku butegetsi n'inteko za gisirikare zishigikiwe na Onu.

Abakuru b'ibihugu vya Guinea na Mauritania biriwe mu biganiro na Bwana Jammeh bumvikana kuri kazoza kiwe.

Munyuma imodoka zireruye abo bakuru b'ibihugu zavuye ku kirimba c'umukuru w'igihugu, nkuko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ryabimenyesheje.

Ntawuzi ko Bwana Jammeh yoba yari murizo.