Abana bakiri bato bakoreshwa na Boko Haram mu bitero

Abagore bakora ibitero vy'ubwiyahuzi muri Nigeria batanguye gukoresha abana kugira barengane ibibanza vyo gusakiramwo, ivyo reta ivuga ko bishobora gutera ingorane zikomeye.
Iryo gabishwa ribaye inyuma y'aho abagore babiri bari bahetse abana mu mugongo bagiriye ibitero vy'ubwiyahuzi mu gisagara ca Madagali mu misi icumi iheze.
Itariki 13 z'ukwezi kwa mbere, abagore bane bashaka gukora ibitero vy'ubwiyahuzi bashitse mu gisagara ca Maddaggalee mu ntara ya Adamawa, babiri baramenywe n'abazamu bari mu kibanza basakiramwo, baca basabwa guhagarara, inyuma yo kumenya ikibagenza .
Ariko abandi babiri barashoboye kurengana atawubamenye.
Ukwitwaza abana vyatumye atawubikeka baca bakora igitero cahitanye abantu bane, bo nyene n'abana babiri bari bahetse.
Umuhari wa Boko Haram uzwi ko ukoresha abapfasoni, cane cane abigeme mu bitero vy'ubwiyahuzi, ariko ni ubwa mbere ukoresheje abana bakiri bato.