Trump: 'Umusi uhambaye' ku mutekano w'igihugu

Ahavuye isanamu, AFP
Donald Trump yavuze ko "Umusi uhambaye" uteguwe ku mutekano w'igihugu, harimwo kumenyesh iyubakwa ry'uruhome hagati ya Amerika na Mexique.
Vyitezwe ko prezida mushasha wa Amerika ashira umukono ku mategeko menshi yerekeye abimukira hamwe n'umutekano ku mbibe mu misi mike iri imbere.
Hazoba harimwo amategeko ruhasha ku bantu bava mu bihugu indwi bigwiriyemwo aba Islam mu burasirazuba bwo hagati no muri Afrika.
Ibi bishobora kubuza n'impunzi kwinjira muri ico gihugu.
Trump yanditse kuri Twitt: "Umusi uhambaye ku mutekano w'igihugu ejo. Bimwe muri vyo, tuzubaka rwa ruhome!"
Kwubaka uruhome rw'ibirometero birenga 2000 ku rubibe rwa Mexique ni kimwe mu bintu bikomeye yiyemeje mu myiyamamazo y'umukuru w'igihugu.
Hazoba kandi ingingo z'uko abajejwe umutekano mu bisagara vya Amerika gufashanya n'abategetsi mu gusubiza inyuma abinjiye mu gihugu baciye kubiri n'amategeko.
Mu mpera z'iyi ndwi hitezwe ingingo zikomeye zega ibihugu indwi vya Afrika n'uburasirazuba bwo hagati, harimwo Syria, Yem na Irak.
Ashobora kandi kwankira impunzi zimwe zimwe kwinjira muri Amerika - gushika igihe izo ngingo zizoba zakajijwe bikomeye.
Umunyamakuru wa BBC David Willis ari I Washington avuga ko abaharanira agateka k'abimukira n'abafasha abari mu kaga, bashobora kubabazwa n'izo ngingo.