Muri Somalia 10 bishwe mu gitero c'inkoho n'imodoka

Ahavuye isanamu, EPA
Abantu bakomeretse mu gitero i Mogadishu
Ico gitero cabereye ku ihoteri bita Dayah aho abashingamateka bakunze kuba bari, niko igipolisi cavuze ku wa gatatu.
Umushikiranganji ajejwe umutekano Abdirizak Omar Mohamed yavuze ko abantu bane bagavye igitero bishwe n'inteko z'umutekano.
Umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu al-Shabab wemanze ico gitero.
Ivyabona bivuga ko abateye bakoresheje imodoka itwaye ibisase biturika kugira ngo barondere ingene binjira mu ihoteri, bagezeyo batangure kurasa.
Haheze umwanya muto ibisase vya mbere bituritse, iyindi modoka yaciye isambuka yica yongera ikomeretsa abantu bari bakoraniye muri ico kibanza.