Mexique 'nta n'urumeya izotanga' ku ruhome rwa Amerika

Prezida Enrique Pena Nieto wa Mexique (mu bubamfu) na mugenziwe wa Amerika Donald Trump (mu buryo).
Insiguro y'isanamu,

Prezida Enrique Pena Nieto wa Mexique (mu bubamfu) na mugenziwe wa Amerika Donald Trump (mu buryo).

Mexique yavuze ko ata n'urumeya izotanga ku ruhome rwasabwe kwubakwa na prezida wa Amerika Donald Trump, nk'uko bivugwa na prezida Pena Nieto anebagura uwo mugambi.

Ariko uwo mukuru w'igihugu ntiyavuze ko ahagaritse urugendo yateganya kugira muri Amerika, aho vyitezwe ko abonana na prezida Donald Trump.

Trump yamaze gushira umukono kw'itegeko ryo kwubaka urwo ruhome hagati ya Mexique na Amerika kandi yavuze ashimitse ko Mexique itegerezwa kuriha urwo ruhome.

Mw'ijambo yashikirije abanyagihugu ku mboneshakure, prezida Pena Nieto yavuze: Narabivuze kandi ndabisubiyemwo, Mexique ntizoriha urwo ruhome.

Ariko Nieto yavuze ko ubucuti hagati ya Mexique na Amerika buzobandanya bongera baronderera hamwe umuti w'ingorane z'abimukira.

Umushikiranganji w'imigenderanire muri Mexique, Luis Videgaray ari mu gisagara ca Washington yavuze ko uwo mukuru w'igihugu acihweza neza ivyerekeye urugendo yogize muri Amerika ku musi wa kabiri, ariko ko gushika ubu uwo mubonano utegekanijwe kuba.