Afcon: Ghana na Misri mu gice ca kane gishira ica nyuma

Misri

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Abakinyi ba Misri mu munezero w'igitsindo ca Mohamed Salah

Inkino zibiri za nyuma zo gukuranamwo mu nkino za Afcon 2017 yarangiye Misri itsinze 1-0 Ghana mu mugwi D, ica ironka amanota 7 Ghana na yo 6.

Igitego kimwe rukumbi cahaye intsinzi Misri catsinzwe n'umukinyi akomeye Mohamed Salah ku munota wa 11 y'urukino.

Mu rundi rukino umugwi wa Uganda na Mali banganije igitego ku kindi.

Inkino z'igice ca kane gishira ica nyumazitegekanijwe gutangura itariki 28 aho Burkina Faso izotana mu mitwe na Tunisia, mu gihe Senegal bazoba bariko barakina na Cameroun.

Ku musi wa Munungu inkino zibiri z'igice ca kane gishira ica nyuma zizokinwa hagati ya RDC na Ghana hamwe na Misri izohura na Maroc.