Trump yisiguye kw'itegeko ryo kubuza abantu kwinjira muri Amerika

Uwo mugambi watumye abantu bamwiyamiriza
Image caption Uwo mugambi watumye abantu bamwiyamiriza

Prezida Donald Trump wa Amerika yasiguye umugambi wiwe wo kubuza vy'agateganyo abantu bava mu bihugu indwi vya kiislam kwinjira muri Amerika inyuma y'aho abantu bawiyamiririje abandi bagira imyiyerekano.

Mw'itangazo rigenewe abamenyeshamakuru, Trump yanebaguye ibimenyeshamakuru bivuga ko uwo mugambi wo kubuza abantu kwinjira uraba aba islam.

Yavuze ko uruhusha rwo kwinjira muri Amerika ruzotangwa mu bihugu vyose mu misi 90.

Mu bintu biboneka ko ariko aragerageza gusokora kuri iryo tegeko ryashizweko umukono ku wa gatanu, Reince Priebus, arongoye abakozi ba reta yavuze ko iryo tegeko ritaraba abafise urupapuro rwa "green Card" bafise uburenganzira bwo kuba muri Amerika bahabwa n'amategeko.

Umumenyeshamakuru wa BBC ari mu buraruko bwa Amerika yavuze ko ibiro vy'umukuru w'igihugu vyanebaguwe bikomeye bivuye kuri iryo tegeko.

Image caption Abantu amajana n'amajana bagize imyiyerekano biyamiriza iyo ngingo

Muri ico gihe nyene, abantu ibihumbi n'ibihumbi biyamiriza iyo ngingo ya Trump basubiye kwihereza amabarabara ku bibuga vy'indege no mu tundi turere twa Amerika.

Abari mu myiyerekano baciye mu gisagara ca Boston, New York hamwe na hagufi y'ingoro y'umukuru w'igihugu i Washignton.

Umunyepolitike akomeye w'umurepublicain arongoye umugwi uraba ibibazo vy'imigenderanire mu nama nkenguzamateka, Bob Corker, yavuze ko ishirwa mu ngiro y'iyo ngingo ya Trump idatomoye, ikaba igoye gushirwa mu ngiro vyihuta.

Abahanuzi bakuru muvyo amategeko bo mu ntara 16 za Amerika bateye ivyatsi iyo ngingo bavuga ko idakurikije amategeko.

Ku ruhande rwiwe, Hakeem Jeffries wo mu mugambwe w'aba demokrate n'umwe mu bari mu myiyerekano ku kibuga c'indege ca JFK mu gisagara ca New York.

Yavuze ko hari abantu benshi bapfungiwe ku bibuga vy'indege hadakurikijwe amategeko.