Nigeria: Umugabo w'abagore 86 yapfuye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwo mugabo yari afise abana 170
Mohammed Bello Abubakar yapfiriye ku rugo iwe mu ntara ya Niger ku munsi wa gatandatu amaze igihe agwana n'ingwara itamenyeshejwe.
Abantu isinzi baramuherekeje igihe yashingugwa ku munsi wa Mungu.
Itororokanirizo ry'amakuru ryo muri Nigeria "Daily Trust" ryamenyesheje ko mu gihe mu mwaka w'i 2008 yari ageze ku bagore 86- igihe yavugwa cane n'ibinyamakuru- ico gitigiri ngo cari kimaze gushika ku 130 igihe yitaba Imana.
Bamwe muri abo bagore ngo bari bibungenze.
Mu mwaka wa 2008 BBC yatanze amakuru ko yarashitse ku bana 170 ariko ubu ikavuga ko asize abana 203.