Ingingo ya Trump yerekeye ingenzi ifata ba nde?

Ahavuye isanamu, AFP
Abantu bihaye amabarabara biyamiriza amategeko ya Trump ku bimukira ku kibuga c'indege muri reta ya Chicago
Mu gihe hari abantu isinzi biyamiriza iyo ngingo hari n'abandi bayishigikira basigura ko biri mu vyo Trump yemeye gukora bijanye nuko "Amerika isubira kuba igihugu gikomeye kandi".
Iryo tegeko abantu biyamiriza rikora kuri bande?
Hariko hakogwa iki?
Iryo tegeko bwirizwa ryahagaritse ibikorwa vy'ukwakira impunzi vy'ikigo "US Refugee Admissions Programme" iminsi 120 ariko impunzi zituruka muri Syria zo zikaba zahakaniwe burundu kuba zicakigwa muri Amerika.
Umuntu wese ashitse avuye mu bihugu indwi bigwiriyemwo aba islamu- Iraki, Syria, Irani, Libiya, Somalia, Sudani na Yemeni- ntibazohabwa viza mu kiringo c'iminsi 90 ariko amaviza yo mu bwoko bwa "diplomatique" canke ayaherezwa abakozi ba Onu ntarabwa n'iryo tegeko.
Ikarata yerekana ibihugu vyahagaritswe kwinjira muri Amerika
Iryo tegeko risaba ko impunzi zakigwa mu mwaka 2017 zitorenga 50 000 mu gihe ubutegetsi bwa Prezida Barack Obama bwasaba ko batorenga 110 000.
Abokwakirwa boba inkehwa zibangamiwe kubera idini mu bihugu vyazo nk'abakristu bo mu gihugu ca Syria, niko Trump yavuze mu kiganiro.
Abarondera kwongegwa ikiringo babanje kubisaba imbere y'uwuserukira reta navyo nyene vyahagaritswe ariko bigashobora gukogwa habanje kwihwezwa imvo zishikirijwe n'uwubisaba.
Ni bande iryo tegeko rikorako?
Ingenzi zose zifise ubwenegihugu bw'igihugu kimwe canke bibiri zituruka mu bihugu vya Irani, Iraki, Libiya, Somalia, Sudani, Syria na Yemeni ntizirekuriwe kwinjira muri Amerika mu kiringo c'iminsi 90 canke ngo zihabwe visa y'abimukira canke y'abatari abimukira.
Rino tegeko rifata n'abantu bafise ubwenegihugu bubiri n'ibihugu bicuditse na Amerika bigizwe n'Ubwongereza ariko Canada yo iza yavuze ko abantu bayo bafise ubwenegihugu bubiri batarabwa n'iryo tegeko.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu White House bivuga ko abantu bafise uruhusha rwo kuba muri Amerika bita "green card" ko batarabwa n'iryo tegeko ariko ngo ntikibuza ko bashobora kumara umwanya munini ku bibuga vy'indege bakorwako itohoza.
Ririko rishigwa mu ngiro gute?
Hari akavuyo ku bibuga vy'indege, ivyo bikaba vyatumye umucamanza ahagarika abariko basubiiza inyuma abantu baje bafise viza canke impunzi inyuma yaho ikigo "American Civil Liberties Union" (ACLU) gishingishirije urubanza rwiyamiriza ingingo ya Trump. Ico kigo cavuze ko abantu bari hagati ya 100 na 200 bari bafungiwe ku bibuga vy'indege canke mu bibanza vy'abarindiriye guhindura indege.
Ahavuye isanamu, Reuters
Abo ni abaje kwiyamiriza ingingo ya Trump ku kibuga c'indege ca Dallas
Abanyamerika bagiye muri ivyo bihugu uko ari indwi bashobora gusambishwa muri kazoza, niko umunyamabanga ajejwe ivy'akazi kwa Trump yavuze. Ngo ntibarabwa n'iyo ngingo.
Iyo ngingo yoba irekuwe n'amategeko?
Ubucamanza busabwa gusuzuma ivyo bamwe n'abandi bavuga.
Amerika yarigeze kubuza abantu b'ibihugu bimwe bimwe kwinjira mu gihugu hamwe n'abavuye mu turere tumwetumwe.
Mu 1965, inama nshingamateka ya Amerika yaremeje itegeko rigenga abimukira "Immigration and Nationality Act" rivuga ko ata muntu akwiye "gukumirwa arondera viza haba kubera urukoba, igitsina, igihugu aturukamwo, aho yavukiye canke aho aba". Muri ico gihe ukubuza abanyaSyria bose kwinjira muri Amerika rwoba urubanza rukomeye kuri Trump.
Mu gihe ivyo bihugu vyose ari ivy'aba islamu vyoca bisigura ko iyo ngingo igwanya aba islamu, ivyo abakorana na Trump bakaba babihakanye.
Trump ayivugako iki?
Bwana Trump avuga ko guhagarika umugambi w'impunzi ari akanya reta yihaye kugira ngo itunganye neza uburyo bwo gusuzuma neza abarondera kuja muri Amerika kugira ngo viza ntizihabwe aboba bazanywe n'uguhungabanya umutekano w'igihugu.
"Kugira muvyumve neza, ntiryihanikiza aba islamu nkuko abanyamakuru babisigura nabi," niko Prezida yavuze ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook.
"Rino tegeko ntiryerekeye idini-ryerekeye iterabwoba hamwe n'ugutuma igihugu cacu gitekana. Hari ibihugu birenga 40 ku isi bigizwe ahanini n'aba islamu ariko rino tegeko ridakorako.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Trump ashira umukono ku mategeko bwirizwa
Trump avuga ko ibikorwa vyo gusubira gutanga viza nkuko vyahora bizosubira mu minsi izoza.
"Tuzosubira gutanga amaviza ku bihugu vyose inyuma y'iminsi 90 tumaze kubona ko twasubiyemwo tukongera tugashinga amategeko atuma haba umutekano ukomeye."
Abanyagihugu baturuka muri Syria bipfuza kwimukira muri Amerika babanza gusuzumwa kuri kahise kabo bagacishwa no mu vyuma bisuzuma umuntu, igikorwa gishobora gufata kuva ku mezi 18 gushika kuri 24.
Abakorana na Trump bavuga ko bahisemwo ivyo bihugu ndwi bitewe nuko inama nshingamateka na reta ya Obama bafata ivyo bihugu "nk'ibikwiye kwamizwako ijisho bigwiriyemwo imirwi y'iterabwoba".