Umunya Tchad Moussa Faki ku ntebe y'umuryango w'ibihugu vya Afrika

Ahavuye isanamu, AFP
Bwana Faki yafashwe mu mugongo n'ibihugu bivuga ururimi rw'igifaransa
Mu bakomeye bahiganwa na Bwana Faki mu gice ca nyuma c'amatora yariko abera ku biro vya AU mu gihugu ca Ethiopia ni umushikiranganji w'imigenderanire ya Kenya n'amakungu Amina Mohamed, nkuko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ryabishikirije.
Yavuze ko iterambere n'umutekano biri ku rutonde rwa mbere mu vyo yipfuza gukora.
Umukuru w'igihugu ca Guinée Alpha Conde nawe yatowe ngo arongoye umuryango w'Ubumwe bwa Afrika.
Muri iyo nama y'iminsi ibiri, abakuru b'ibihugu bategerezwa kurabira hamwe niba igihugu ca Maroc coba gikwiye kwinjira mu muryango.
Ico gihugu co muri Afrika y'uburaruko cawuvuyemwo igihe ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika "Organisation de l'Unité Africaine" (OUA) ryemereye Sahara Occidental nk'igihugu cigenga haraheze imyaka 30, mu gihe Maroc yo ifata ico gihugu nk'intara yaco yo mu bumanuko.