Trump yirukanye umushikirizamanza mukuru wa Amerika

Umupfasoni Yates, i buryo, yari yagenywe na Barack Obama ariko akaba yagumye mu mabanga ari mfatakibanza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umupfasoni Yates, i buryo, yari yagenywe na Barack Obama ariko akaba yagumye mu mabanga ari mfatakibanza

Sally Yates, yagenywe ku ntwaro ya Barack Obama, yaheruka gusaba abacamanza bo mu bushikiranganji bw'ubutungane kudashira mu ngiro ingingo prezida yaheruka gusohora.

Dana Boente, umushikirizamanza wo mu komine yo mu buseruko bwa reta ya Virginia, niwe yamusubiriye ka mushikirizamanza mukuru mfatakibanza.

Yasavye igisata c'ubutungane gushira mu ngiro ingingo ya Bwana Trump.

Mu itangazo, ibiro vy'umukuru w'igihugu White House vyavuze ko umupfasoni Yates "yahemukiye" ico gisata c'ubutungane.

Ingingo ya Bwana Trump ihagarika vy'agateganyo abanyagihugu bo mu bihugu indwi bigwiriyemwo abo mw'idini rya Islamu kwinjira muri Amerika, ikaba yatumye haba abiha amabarabara mu myiyerekano yabaye muri Amerika no mu bindi bihugu vyo ku isi.

Mu ikete, umupfasoni Yates yavuze ko "atanyuzwe" nuko ingingo ya prezida yoba vyukuri ikurikije amategeko.

"Mu gihe ndi umushikirizamanza mukuru mfatakibanza, igisata c'ubutungane ntikizoja kurondera ivyo gisigura gishigikira iyo ngingo", niko yavuze.

Harenganye amasaha, White House yatangaje: "Prezida Trump yakuye umupfasoni Yates mu mabanga yiwe."

"Yahemukiye igisata c'ubutungane mu kwanka gushira mu ngiro ingingo ifise intego yo gukingira abanyagihugu ba Amerika", niko itangazo ry'umunyamabanga ajejwe itangazamakuru rivuga.

Prezida Trump yavuze ko umupfasoni Yates ashaka kuburagiza imigambi yiwe, niko yanditse kuri Twitter.

Ahavuye isanamu, Twitter

Insiguro y'isanamu,

Ubutumwa bwa Trump

Umukenguzamateka w'umu democrate Richard Blumenthal we yakeje Sally Yates ko yashoboye kugira aho ahagaze.