Uwikekwa ku bwicanyi mu musigiti wa Québec yagirijwe

Ifoto y'umuntu yikekwa yitwa Alexandre Bissonnette niyo yaguma itemberezwa n'ikigo c'itangazamakuru Uwufise ububasha kw’isanamu FACEBOOK
Image caption Ifoto y'umuntu yikekwa yitwa Alexandre Bissonnette niyo yaguma itemberezwa n'ikigo c'itangazamakuru

Alexandre Bissonnette yegetsweko ivyaha bitandatu bijanye n'ubwicanyi bwo ku rugero rwa mbere hamwe na bitanu bijanye n'ugushaka kwica.

Uwo muhungu w'imyaka 27 yarengutse imbere ya sentare yo mu gisagara ca Québec ku bijanye n'igitero co ku munsi wa Mungu ku mugoroba, mu bisabisho vyo ku mugoroba mu kibanza "Quebec Islamic Cultural Centre".

Ibiteramo vyarakozwe mu gihugu ca Canada mu kugandarira abaguye muri ico gitero no kwifatanya n'abakomeretse.

Abantu barenga 50 nibo bari mu musigiti igihe ayo masasu yaduka imbere ya saha mbiri z'ijoro ku munsi wa Mungu.

Abantu 19 bagizwe n'abagabo barakomeretse, batanu muri bo baracari mu bitaro ariko babiri bakaba baremvye cane.