Serena Williams umukinyi wa mbere mu gisata "Open"

Ahavuye isanamu, AFP
Serena Williams amaze gutsindira ibikombe vyinshi
Twasavye ko hatorwa abakinyi indwi b'abakobwa batsinze amahiganwa akomeye, benshi baca batora Williams mu kibanza ca mbere.
Uwo mukobwa w'umunyamerika w'imyaka 35 yatsinze ihiganwa rya 23 ryo mu gisata ca "Grand Slam" muri Australia Open ku munsi wa gatandatu, aba akuye Steffi Graf ku kibanza ca mbere ku rutonde rw'abamenyereye gutsinda mu gisata c'abagize inkino umwuga (professionnels).
Graf yabaye uwa kabiri ku bice 35%, mu gihe Martina Navratilova-amaze gutwara ico kibanza ca mbere incuro 18-ari uwa gatatu kuri urwo rutonde akagira 10%.
"Serena niwe abarusha kuko ico gisata ca Open nico kibamwo ihiganwa rikomeye kurusha mu bindi bisata vyabaye," niko uwushikiriza amakuru ya BBC Sue Barker yavuze, nawe nyene yigeze gutsindira French Open.
"Umuvuduko afise-ama "services" yiwe ata numwe arigera ashikako-ukabifatanya n'ingene yiyunguruza mu kibuga hamwe n'inguvu abishiramwo, bituma ashira iminsi yose abo bahiganwa inyuma."
Williams amaze gutsinda incuro indwi muri Australia, incuro zitatu muri French Open, indwi muri Wimbledon na zitandatu muri US Open.