Umwongereza yiyishe hakugwa mu minwe ya IS

Umuryango wa Ryan Lock wavuze ko yari umuntu yakundana kandi yitaho abandi
Insiguro y'isanamu,

Umuryango wa Ryan Lock wavuze ko yari umuntu yakundana kandi yitaho abandi

Ryan Lock, w'imyaka 20, yaturuka ahitwa Chichester muri West Sussex, yapfuye ku itariki 21 ukwezi kwa 12 mu ngwano yo kurondera gufata ikirindiro ca IS c'i Raqqa.

Yari yagiye kugwana ku gushaka kwiwe mu mugwi w'abagwanyi b'aba Curdes "Kurdish armed fighting forces" (The YPG).

YPG yabwiye BBC "ko babonye aho urusase rwaciye munsi y'agasakanwa", bivuga ko yiyahuye.

Amakuru avuga ko abagwanyi batanu bahanganye bikomeye na IS-izwi kandi ku zina rya ISIS- mu kigwati ca Ja'bar, kandi ko "bagwanye bakarinda" imbere yuko bicwa.

Inyuma yaho ibiziga vyabo bitorewe bikihwezwa "vyibonekeza ko uwo musore w'umwongereza yiyahuye yanka kugigwa imbohe na Isis".

Mu cegeranyo canditswe nuko inguma yatewe n'urusase yerekana ko "inkoho yafashe munsi y'agasakanwa".

"Bino bisigura ko uwo murwanyi yiyahuye," niko icegeranyo kirangiza kivuga.

Umugabo agwanira agateka k'aba Curdes Mark Campbell arakeza ubutwari bwiwe.

"Nta majambo mbona yosigura ubutwari bwamuranze akora ivyo."

"Nibaza ko akwiye guhabwa icubahiro co hejuru c'igisirikare kuri ubwo butwari yagize ahanganye n'umwansi."

Ku munsi wa kabiri mu gitondo niho ikiziga ciwe catwagwa muri Iraki ngo kibone kujanwa mu Bwongereza.

Mu itangazo yahaye BBC, se wiwe Jon Plater, aba Chichester, yavuze ati: "Kuva igihe twumvise inkuru mbi ya Ryan, vyaradukomeranye, cane cane hageze ko twiyumvira ingene ikiziga ciwe kizotahukanwa.

"Turashimiye abo mu murwi YPG bamuzanye muhira."

Uwo muhungu yagiye kugwana ku gushaka kwiwe, yize i Havant muri Hampshire. Yabaye umwongereza wa gatatu apfuye yagwana ku ruhande rw'aba Curdes mu ngwano barimwo n'abo mu murwi Islamic State.