Onu iragabisha ku ngwano yadutse muri Ukraine

Ahavuye isanamu, YURY KASYANOV
Abasirikare ba Ukraine bakira impano y'ibifungugwa n'ibindi bikoresho
Ako kanama kavuga ko ingwano isubiye kwaduka igira ingaruka mbi cane cane ku banyagihugu b'aba civiles.
Ingwano irilko irabera mu gisagara ca Avdiivka imaze guhitana ubuzima bw'ibihumbi vy'abanyagihugu bataronka amazi hamwe n'umuyagankuba muri bino bihe vy'imbeho nyinshi.
Ubutegetsi bwa Ukraine bwavuze ko buriko burategura kwimurira abanyagihugu mu bindi bibanza ku kwirinda ko ibintu biyangara.
Imirwi yose iratanako umwikomo kuri iyo migwano yasubiye kwaduka.
"Abagize akanama kajejwe umutekano basavye ko imirwi yose yohagarika ingwano,"niko itangazo ry'ubutegetsi bwa Ukraine rivuga.