Gusubizwa mu kibuga wari wasohowe bigiye gushoboka muri "Football"

Ifab iriko irihweza niba amakarata y'umuhondo yosubirigwa no gusohogwa vy'agateganyo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ifab iriko irihweza niba amakarata y'umuhondo yosubirigwa no gusohogwa vy'agateganyo

Umurwi ujejwe igisata c'amategeko y'urukino rw'umupira w'amaguru "IFAB" ugiye guhererekana ivyiyumviro kuri uwo mugambi mu nama iba ku mwaka, izobera mu gisagara ca Londres mu kwezi kwa gatatu.

Ubwo buryo bushasha bwarageragejwe mu ihiganwa rya Uefa no mu yandi mahiganwa mu myaka ya vuba.

Iryo tegeko rishasha ni ryaramuka ryemejwe, sin-bins izotangura gukoreshwa mu nkino z'abakiri bato munyuma itandukire inkino z'abagize umupira w'amaguru umwuga (professionnels) mu myaka ibiri canke itatu.

Ibindi bizigwa muri iyo nama birimwo ukwemerera amashirahamwe y'ibihugu y'umupira w'amaguru gushobora kwigenera igitigiri c'abakinyi basubirira abandi mu rukino (remplacants).

Iyo ngingo ishobora gufasha guteza imbere urukino rw'umupira w'amaguru ku rwego rwo hasi, "mu gutuma hakina benshi," niko integuro y'umugwi mpanuzwajambo wa FIFA ivuga.

Harimwo n'umurongo ujanye no kwifata neza mu kibuga "fairness" kuzogenzugwa na kizigenza w'umugwi (capitaine) azoba yahawe ububasha bwinshi bwo gukurikirana abakinyi arereka ko bigenza neza (discipline) akanasabwa kuba ari we wenyene ashobora kuvugana n'umuhagarikizi w'urukino igihe bikenewe.