Umugore yaciwe amatwi n'umugabo muri Afuganistani

Zarina ariko aratora mitende mu bitaro
Uwo mugore - Zarina - muri kino gihe ameze neza ahari mu bitaro ariko akaba yarahahamutse.
"Nta gicumuro nakoze," niko yavuze. "Sinzi igituma umugabo wanje yangize ibi."
Inyuma yaho akorewe ayo mabi, uwo mugore yaciye ahungira mu ikomine ya Kashinda, niko igipolisi cabwiye ibimenyeshamakuru vyaho.
Zarina yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Pajhwok ko umugabo yamuvyuye bukwi atigeze amusotora imbere yuko amuca amatwi.
Yabwiye BBC ko yarongowe afise imyaka 13 "ko atari abanye neza n'umugabo wiwe".
Mu kindi kiganiro yagiranye n'itororokanirizo ry'amakuru Tolo, Zarina yidoze avuga ko umugabo yahora amubuza kuja kuraba abavyeyi. Yavuze ko atipfuza kuguma abana nawe.