Umukuru w'abatavuga rumwe na reta muri RDC yapfuye

Tshisekedi yamaze imyaka myinshi ari rurangiranwa mu migambwe itavuga rumwe na reta
Insiguro y'isanamu,

Tshisekedi yamaze imyaka myinshi ari rurangiranwa mu migambwe itavuga rumwe na reta

Umukuru w'ababatavuga rumwe na reta muri RDC , Etienne Tshisekedi, yapfiriye i Buxelles mu Bubiligi afise imyaka 84.

Tshisekedi yari yagiye mu gisagara ca Bruxelles mu mpera z'ukwezi guheze kwivuza.

Yari umwe mubanyepolitike ba kera bagiye imbere mu guharanira demokrasi mu gihugu ciwe.

Insiguro y'isanamu,

Tshisekedi yakundwa cane n'abanyagihugu ba RDC

Yaragwanije cane ubutegetsi bw'uwahoze arongoye ico gihugu, prezida Mobutu Sese Seko, ubutegetsi bwiwe bukaba bwamaze imyaka myinshi imbere y'uko atembagazwa ku butegetsi.

Etienne Tshisekedi yagwanya ubutegetsi bwa prezida Laurent Kabila, yagiye ku butegetsi mu 1997, hamwe n''umuhungu wiwe, prezida Joseph Kabil, ubu ari we aramutswa ico gihugu.