Imyiyerekano yo kwiyamiriza reta muri Rumania

Abari mu myiyerekano biyamiriza reta muri Rumania

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abari mu myiyerekano biyamiriza reta muri Rumania

Igipolisi co muri Rumania cakoresheje ivyuka bikoroza amosozi mu gushwiragiza abantu bari mu myiyerekano biyamiriza reta mu gisagara ca Bucharest.

Bivugwa ko iyo myiyerekano ikomeye cane itari bwigere iboneka kuva hatembagajwe intwaro ya gikoministe mu 1989.

Inkuru zivuga ko abashika ibihumbi amajana abri bagiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza itegeko ry'ikibiriraho ryashizweho na reta ryo kudahana amwe mu makosa yo kurya igiturire.

Ibihugu bitandatu harimwo Ubudagi, Ubufaransa na Amerika bandikiye ubutumwa hamwe bwo kugabisha ico gihugu ca Rumania kuri iyo ngingo ko ishubora gutanga isura mbi mu makungu hamwe n'imigenderanire bafitaniye n'ishirahamwe rya EU na Otan.