Urubura rwa neje rwishe abantu Pakistani na Afganistani

Urubura rwa neje rwabangamiye intara zimwe za Afganistani na Pakistani

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Urubura rwa neje rwabangamiye intara zimwe za Afganistani na Pakistani

Ibice vy'ibihugu vya Pakistani na Afganistani vyaguyemwo urubura rwa neje ikirenga ruhitana abantu benshi abandi barakomereka.

Abajejwe intwaro muri Afganistani bavuga ko abantu barenga mirongo ine bapfuye mu ntara cumi n'icenda; Parwan na Badakhshan ngo nizo zabangamiwe cane.

Amabarabara makuru makuru menshi muri Afganistani ntarengana kandi ikibuga c'indege gikuru kirugaye.

Ubwinshi bw'urubura rwaguye bwatumye abajejwe intwaro baca bashirako umunsi w'akaruhuko mu gihugu cose.

I Chitral, mu gihugu kibanyi ca Pakistani, abantu bashika mirongo itatu n'icenda bishwe na neje yabasidukiyeko ivuye ku misozi, ipfukira amazu menshi.