Sentare yunguruza muri Amerika yanse ibisabwa na Trump

Itegeko rya Prezida Trump ryari ryabangamiye imiryango myinshi y'Abaislam muri Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Itegeko rya Prezida Trump ryari ryabangamiye imiryango myinshi y'Abaislam muri Amerika

Sentare yunguruza imanza ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika yanse ibisabwa n'ubushikiranganji bujejwe ubutungane y'uko itegeko rya Trump risubizwako.

Leta ya Donald Trump ishaka ko itegeko ribuza kuza muri Amerika abantu bo mu bihugu indwi bituwe ahanini n'Abaislam, riba rirasubijweko mu gihe kwunguruza ku ngingo irihagarika biriko biraba.

Iyo ngingo yafashwe n'umucamaza w'i Seattle, ikurako itegeko rya bwana Trump ryabuza kwinjira muri Amerika ingenzi zo mu bihugu vya Irani, Irake, Syria, Somalia, Yemen, Libya na Sudani.

Ubu rero buri ruhande rugomba gushikiriza ivyireguzo rushingiye ku kuntu rwumva amategeko ya Amerika.

Bwana Trump yariyamirije ingingo y'umucamanza w'i Seatlle avuga ko kuyibuza bituma igihugu kidakingirwa iterabwoba.