Ibinyabwoya vyateye ibigori bibangamiye imiryango myinshi

Ingene ico kinyabwoya gitera ikigori Uwufise ububasha kw’isanamu CABI
Image caption Ingene ico kinyabwoya gitera ikigori

Abahinga basaba ko hoba ibikorwa vyihuta vyo guhagarika igwirirana ry'ibinyabwoya vyateye ibigori biriko biratandukira ibihugu vyinshi vya Afrika.

Ico kinyabwoya co mu gatasi kirabangamiye ibisata vyo kwikwiza mu vy'ibifungurwa hamwe n'ivy'ubudandaji bushingiye ku ndimo, niko ikigo "Centre for Agriculture and Biosciences International" (Cabi) kigabisha.

Kivuga ko uburyo bwo kwibeshaho bw'abanyagihugu bugeramiwe mu gihe ivyo binyabwoya bigira bishikire Aziya hamwe n'akarere ka Méditerranée.

Ishami rya Onu rijejwe ibifungurwa hamwe n'indimo "Food and Agriculture Organization" (FAO) ritegekanya gutanguza inama kuri ico kibazo.

Uwutwara igisata c'ubuhinga muri Cabi Dr Matthew Cock yavuze ati: "Buno bwoko bwateye buriko butandukira akarere ka "Afrique tropicale" bugashobora gushika no muri Aziya.

"Ibikorwa vyihuta birakenewe mu kwirinda agahombo ku vyimbugwa no ku barimyi."

Dr Jayne Crozier wo muri Cabi yavuze ko ivyo binyabwoya bimaze gushika muri Africa y'uburengero, ko bishobora kuja mu bumanuko no mu buseruko bwa Afrika aho ibigori biri mu bifungugwa cane mu bihugu vyinshi vyo muri ako karere nka Kenya, Tanzaniya, Zambia, Malawi n'ahandi.

"Bishoboka ko vyoba bimaze igihe biriyo kandi ko biriko bironona ibitari bike," niko yabwiye itororokanirizo ry'amakuru BBC.

"Ivyo binyabwoya vyatowe muri Afrika bigiye kubangamira cane igisata c'ukwikwiza mu vy'ibifungugwa hamwe n'ubudandaji mu karere."

FAO itegekanya gukoresha inama yihuta i Harare hagati y'itariki 14 na 16 z'ukwezi kwa kabiri kugira ngo hafatwe ingingo z'ukuntu hotanguzwa ibikorwa vyo guhangana n'ivyo binyabwoya.

Igihugu ca Zambia cakoresheje indege z'igisirikare mu kumija umuti mu turere twatandukiwe.