Umunya Ethiopia Dibaba yagize umwanya w'umwihariko mu 2000m

Ahavuye isanamu, EPA
Genzebe Dibaba afise imyanya itaragegwako 1500m, 2000m, 3000m na 5000m
Umunya Ethiopia Genzebe Dibaba yagize umwanya utari bwigere ushikwako ku isi (record) mu ihiganwa ryo kwiruka imetero 2000 i Catalogne mu gihugu ca Espagne.
Umwanya Dibaba yakoresheje mu kwiruka ubwo burebure 5:23.75 wabaye muto kuwo Gabriele Szabo wo muri Roumanie yakoresheje mu mwaka wa 1998, iyo myanya ibiri ikarutana amasegonda indwi.
Uwo mwigeme w'imyaka 25 ubu afise imyanya ari we wenyene yagezeko mu burebure bwa 1500m, 2000m, 3000m na 5000m mu gisata ca Indoors (amahiganwa abera ku bibuga vyugara hejuru).