Benin ntishigikiye aba Islamu basengera mu mabarabara

Benin n'ibihugu biyikikije
Image caption Benin n'ibihugu biyikikije

Ubutegetsi bwa Benin bwamenyesheje ko bushigikiye ingingo yafashwe ibuza aba Islamu gusengera mu mabarabara.

Ico kibazo kiba vyukuri ikibazo ku wa gatanu igihe aba Islamu bahamagariwe ibisabisho, niko musitanteri wa Cotonou yavuze.

Ico gihe abantu barashwabaduka ari benshi ntibakwire imisigiti, bigatuma bamwe basasa imikeka basengerako hanze imbere y'amazu, abandi mu mabarabara.

Ivyo bituma imodoka ziri mu mabarabara zitava aho ziri, niko musitanteri yabandanije avuga.

Abashingamateka hamwe n'abantu bamaze igihe kirekire mw'idini rya Islamu bavuze ko kubabuza gusengera mu mabarabara ari ukubakumira.

Umukuru w'igihugu ca Benin Patrice Talon we avuga ko iyo ngingo itagwanya aba Islamu, kwishizweho ngo ifashe gusukura ibisagara, ifashe no kuzamura ubutunzi bw'igihugu.

Ibice 25% vy'abanyagihugu bigizwe n'aba Islamu.

Ubutegetsi bwahavuye munyuma bwisubirako, umushikiranganji w'intwaro yo hagati Sacca Lafia akaba yemeye ko boguma basengera mu mabarabara ku munsi wa gatanu, gushika igihe imisigiti izogwizwa, ariko ngo basabwa kunyarutsa ibisabisho.