Somalia ubu iramutswa umukuru w'igihugu mushasha

Perezida musha wa Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida musha wa Somalia bita Farmajo

Somalia yabonye umukuru w'igihugu musha, Mohamed Abdullahi, azwi kw'izina rya Farmajo, yahoze ari umushikiranganji wa mbere.

Bwana Farmajo yatsinze Hassan Sheikh Mohamud, yari asanzwe ari umukuru w'igihugu asoje igihe ikiringo.

Yaronse amajwi 184 , nayo hassan Mohamud yari perezida aronka 97.

Bwana Mohamud yaciye yemera ko yarushijwe, bituma hatarinda kuba ayandi matora ku ncuro ya gatatu.

Umushikiranganji wa mbere wa Somalia Omar Abdirashid Ali Sharmarke we yari yikuye mw'ihiganwa imbere y'ijonjora rya kabiri.

Abashingamateka hamwe n'abakenguzamateka nibo bari mu bikorwa vyo gutora umukuru w'igihugu mushasha.

Uwufise ububasha kw’isanamu AMISOM
Image caption Amatora yabereye mu kibanza kirinzwe cane kibikwamwo indege ku kibuga c' indege ca Mogadishu

Umutekano wari wakomejwe mu kibanza c'amatora.

Kuva mu gitondo uruja n'uruza rw'imiduga rwahagaritswe, amashule arugagwa, akarere k'indege ko hejuru y'umugwa mukuru Mogadishio nako nyene karugagwa ku ndege zigacamwo, mu kwirinda ibitero vyohava bigabwa.

Ikibuga c'indege nico kibanza gitekanye kurusha ibindi ku murwa mukuru wa Somalia, amatora akaba yajanywe aho kubera ibibazo vy'umutekano.

Ku munsi wa kabiri ku mugoroba, abantu bikekwa kuba abo mu murwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al-Shabab, baragavye ibitaro bakoresheje ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "mortiers"batumbereza mu kibanza ayo matora aberamwo.

Abanyagihugu baba mu kigwati ca Arbacow bavuga ko abo ba jihadistes bateye ikirindiro c'abasirikare b'Umuryango w'Ubumwe bwa Africa.