Amerika yishe umufasha wa Bin Laden

Ahavuye isanamu, Getty Images
Pentagone yavuze ko yagavye ibitero bibiri mu minsi ibiri yo mu ntango za kuno kwezi
Abasirikare ba Amerika bishe abantu 11 bo mu murwi al-Qaeda barimwo uwakorana na Osama Bin Laden mu bitero bibiri vy'indege hafi y'igisagara ca Idlib muri Syria muri kuno kwezi, niko Pentagone yavuze.
Umuvugizi Kapitene Jeff Davis, yavuze ko abakozi cumi ba al-Qaeda bishwe mu gitero kimwe itariki 3 z'ukwezi kwa kabiri.
Igitero ca kabiri co ku itariki 4 z'ukwezi kwa kabiri cishe Abu Hani al-Masri, yaracuditse n'uwahora arongora al-Qaeda, niko yavuze.
Al-Masri avugwa ko yashinze ikambi zikoregwamwo imyimenyerezo ya al-Qaeda muri Afganistani mu myaka iri hagati ya 1980 na 1990.
Yaracuditse kandi na Ayman al-Zawahiri, yabaye umukuru wa al-Qaeda inyuma yaho Bin Laden yiciwe n'abasirikare ba Amerika mu 2011.
"Bino bitero vyatesheje al-Qaeda ubushobozi bwo gutegura no kugaba ibitero vyo hanze vyibasira Amerika n'inyungu zacu kw'isi," niko Kaapitene Davis yavuze.
Mu gihugu ca Siriya al-Qaeda ikorana n'umurwi w'aba Jihadistes Jabhat Fateh al-Sham, uzwi kw'izina rya al-Nusra.
Bikekwa ko inzego z'ubuyobozi bwa Fateh al-Sham zivanze niza al-Qaeda.