Ibitaro mu Bushinwa vyanduje abantu umugera wa SIDA

Ibitaro vyakoresheje ibikoresho vyagomba kuba vyatawe

Ahavuye isanamu, SPL

Insiguro y'isanamu,

Ibitaro vyakoresheje ibikoresho vyagomba kuba vyatawe

Ibitaro vyo mu Bushinwa vyemeye ko vyanduje abantu umugera wa SIDA mu gukoresha nabi ibikoresho vyo gufasha abo vyagoye gusama inda.

Ababana bashika ku mirongo itandatu nibo bashobora kuba barakozweko n'ico kibazo.

Ivyo bitaro vyakoresheje ibikoresho vyagomba kuba vyatawe kuko vyari vyakoresheje ubwa mbere.

Abantu batanu baramaze kwirukanwa kuri ivyo bitaro kubera ayo makosa.

Ivyo vyabereye muri bimwe mu bitari vya kijambere mu Bushinwa mu muji wa Hangzhou.

Mu myaka y'1990, ibihumbi vy'abantu baranduye umugera wa SIDA mu ntara ya Henan, nyuma yo kugurisha amaraso yabo mu buryo butarimwo isiku ikwiye.