Urunani rushasha rw'abarwanya leta ya Syria ruragabisha

Ahavuye isanamu, Reuters
Urunani rushasha rugizwe n'abahoze mu mugwi wari uzwi nka al-Nusra, wahora ukorana n'umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Al Qaeda
Urunani rushasha rw'abarwanyi ba jihad bo muri Syria rwatangaje ko rugiye kwungikanya ibitero vyinshi ku basirikare ba leta y'ico gihugu.
Urwo runani rwuzwi kw'izina rya Hayat Tahrir al-Sham, rwavutse mu kwezi guheze.
Rugizwe n'abahoze mu mugwi wari uzwi nka al-Nusra, wahora ukorana n'umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Al Qaeda.
Ni urunani rugizwe n'imigwi n'intagondwa zikomeye, yahuhe igihe haba ugutana kwamenetsemwo amaraso ku ruhande rw'abarwanya leta ya Syria.
Mu butumwa bwa mbere bwa video bw'uwo mugwi, umukuru wawo Hashem al-Sheikh yavuze ko ico bagamije ari ugukura ku butegetsi umukuru w'igihugu Bashar al-Assad.