Trump yatsinzwe mu rubanza yunguruje rwerekeye ingenzi n'abimukira

Ahavuye isanamu, Reuters
Abanyagihugu babaye aba mbere kwiyamiriza ingingo ya Trump
Sentare yungururizwamwo imanza yahakanye ko itegeko rya Trump ribuza ingenzi n'abimukira bo mu bihugu ndwi bigwiriyemwo aba Islamu kwinjira muri Amerika rishigwa mu ngiro.
Sentare "9th US Circuit Court of Appeals" yavuze ko idashobora kuvuguruza sentare y'intango yahagaritse iyo ngingo.
Bwana Trump yaciye yishura ashavuye ku buryo bwa Twitter avuga ko umutekano ubangamiwe ko bagiye gusubira kwitura ubutungane.
Ahavuye isanamu, TWITTER
Tweet ya Trump
Abacamanza batatu bafashe icemezo bavuga ko reta itashoboye kwerekana ingene ikibazo c'umutekano cotuma iyo ngingo ishirwa mu ngiro.
Icemezo cafashwe na sentare kigiye gutuma abanyagihugu bo muri Irani, Iraki, Libiya, Somalia, Sudani, Siriya na Yemeni bafise viza baguma binjira muri Amerika.
Impunzi zirondera ubuhungiro ziva mu mihingo itandukanye yo kw'isi nazo nyene ntizikibujijwe guhungira muri Amerika.
Runo rubanza rushobora kurangirira muri sentare ya nyuma n'ukuvuga sentare ntahinyuzwa ya Amerika.