Umunyakenya Jepchirchir yagize "record" nshasha mu nusu ya marathon

Ahavuye isanamu, TWITTER
Peres Jepchirchir yagize umwanya w'umwihariko
Umunyakenya Peres Jepchirchir yirutse umwanya utari bwashikweko (record) mu nusu ya marathon.
Yirutse ubwo burebure mw'isaha imwe, iminota itanu n'amasegonda atandatu, mw'ihiganwa ryabereye Ras al-Khaimah muri Emirats Arabes Unis.
Uwo mwanya wabaye muto ku masegonda atatu, kuwo umukenya mugenzi we Florence Kiplagat yakoresheje i Barcelone mu myaka ibiri iheze.
Umwe mu bashikirije ico biyumvira kuri iryo higanwa kuri Twitter, yavuze ko ivyo Jepchirchir yagezeko bihimbaye, mu gihe ariho yaragitora mitende ku ngwara y'umusonga yarimuhanze.