Umunyakenya Jepchirchir yagize "record" nshasha mu nusu ya marathon

Peres Jepchirchir yagize umwanya w'umwihariko

Ahavuye isanamu, TWITTER

Insiguro y'isanamu,

Peres Jepchirchir yagize umwanya w'umwihariko

Umunyakenya Peres Jepchirchir yirutse umwanya utari bwashikweko (record) mu nusu ya marathon.

Yirutse ubwo burebure mw'isaha imwe, iminota itanu n'amasegonda atandatu, mw'ihiganwa ryabereye Ras al-Khaimah muri Emirats Arabes Unis.

Uwo mwanya wabaye muto ku masegonda atatu, kuwo umukenya mugenzi we Florence Kiplagat yakoresheje i Barcelone mu myaka ibiri iheze.

Umwe mu bashikirije ico biyumvira kuri iryo higanwa kuri Twitter, yavuze ko ivyo Jepchirchir yagezeko bihimbaye, mu gihe ariho yaragitora mitende ku ngwara y'umusonga yarimuhanze.