Igiteramo ca ABBA i Birmingham mu Bwongereza

Abba yacuraranze ubwa mbere kuri Odeon ya Birmingham mu 1977

Ahavuye isanamu, TRINITY MIRROR / MIRRORPIX / ALAMY STOCK PHOTO

Insiguro y'isanamu,

Abba yacuraranze ubwa mbere kuri Odeon ya Birmingham mu 1977

Igiteramo c'uno munsi gihuriranye nuko imyaka 40 irangiye habaye ikindi giteguwe na Eurovision, umurwi Abba wabayemwo uwa mbere, igihe uvuza ubwa mbere mu gihugu c'Ubwongereza.

Kuri Odeon i Birmingham aho igiteramo kibera, abantu bariko baragurisha amatike incuro 40 ku kiguzi c'ukuri-hejuru ya £100 - bitewe nuko abazirondera bagwiriranye.

Abantu barenga 44 000 nibo barondera amatike ku bibanza 2397 bihari, niko uwugenzura ico kibanza Tony Harvey yavuze.

Uwo murwi waratsinze ihiganwa riteguwe na Eurovision ahitwa Brighton Dome itariki 6 ukwezi kwa kane 1974 munyuma ugurisha ama "albums" imiliyoni 400.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umurwi ABBA wasambutse mu 1982, abaririmvyi bamaze imyaka irenga cumi baririmbira hamwe

Ivyo mwomenya kuri Abba:

  • Umurwi ABBA watanguriye mu gisagara ca Stockholm mu 1972
  • Indome zigize ijambo Abba zijanye n'izitangura amazina y'abagize uwo murwi Agnetha, Benny, Björn na Anni-Frid
  • Wabaye umwe mu mirwi ya "pop music" yinjije amahera menshi, uja no ku kibanza ca mbere kuva mu 1975 gushika mu 1982.
  • Igiteramo Abba yahiganyemwo ca Eurovision, nico gifatwa nk'ica mbere mu gihugu ca Suede uwo murwi waririmvyemwo neza kurusha.

Dale Michelsohn, aturuka Bournville, muri Birmingham, yakora nk'umuhinga kuri Odeon kuva 1974 gushika 1988.

Yavuze ati: "Ikintu tutari tumenyereye nuko bakoresha icuma gisohorera rimwe amajwi ane kandi bidakunze kuboneka- nibaza ko umurwi Pink Floyd woba nawo nyene warakoresheje icuma nka mwenico.

Uwitwa Rafael Cavar nawe yagize ati: "Nagize amahirwe ndaronka itike ku baziyerereza hanze ya Odeon ku mahera make.

"Abantu bariko baratanga hejuru ya £100 (incuro 40 igiciro c'itike), ayo mahera ni menshi muri kino gihe."