Akavuyo kishe 17 ku kibuga c'umupira muri Angola

Ikarata ya Angola
Akavuyo kadutse ku kibuga c'umupira w'amaguru katumye abantu 17 bapfa kuri "stade" ya Uige mu gihugu ca Angola ku munsi wa gatanu, nkuko ubutegetsi bubimenyesha.
Abandi baharurwa mu majana nabo bakomeretse igihe abaje kurorera bashaka kwinjira ku nguvu baca mw'irembo rya "stade".
Bamwe mu baguye, bahonyanzwe, babura impwemu, niko umukozi wo mu gisata c'ubuvuzi yavuze.
Ivyabona bivuga ko iryo shengero ry'abantu bashaka kwinjira mu kibuga bari gutuma "stade" irengegwa mu gihe ishobora kwakira abantu 8 000 bonyene.
Umurwi Santa Rita de Cassia wakira Recreativo do Libolo mu ihiganwa ry'ama ekipe ari mu murwi wa mbere (première division).
"Abantu bagenda bahonyanga abandi. Abapfuye n'abakomeretse bose bashika 76," Ernesto Luis umuyobozi mukuru w'ibitaro, niko yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Batanu mu bakomeretse ngo bamerewe nabi cane.
Amakuru yanditswe muki Angolais no mugi Portugais avuga ko mu bapfuye harimwo n'abana.
Itangazo umurwi Recreativo de Libolo wacishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwawo, yise ivyabaye "impanuka itari bwaboneke mu mateka ya Angola mu mupira w'amaguru".
Umurorerezi Domingos Vika w'imyaka 35, yavuze ko urwinjiriro rwaza rwuzuye igihe abantu barondera kwinjira muri "stade".
"Igihe bemera ko nabandi binjira, twasa nk'abapakiye mu rwinjiriro," niko Bwana Vika yahavunikiye ikiganza yavuze.
Umukuru w'igihugu ca Angola Jose Eduardo dos Santos yategetse ko hatanguzwa itohoza ku vyashitse, niko ikinyamakuru co mu gihugu cavuze.
Urukino rwaheze ku 0-1 umurwi wakiriye Santa Rita de Cassia utsinzwe.