US: Amazi y'urugomero yimuye abantu muri California

Urugomero rwa Oroville rwateye impungenge

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Abaharugwa mu bihumbi basabwe kuva Oroville

Ubutegetsi muri leta ya California buriko burahungisha abanyagihugu baba hafi y'urugomero rwa Oroville bakeka ko rushobora gusenyuka.

Amabarabara yegereye urwo rugomero rwa Oroville yari yazimye igihe abantu bariko bava mu mihana yabo bamaze kumva kamo kabasaba guhungira ahari imisozi ikirururtse.

N'abanyororo bari mw'ibohero bimuwe.

Abafundi bashaka gukorora amabuye ngo bazibire inzira yari yaciriwe amazi yo muri urwo rugomero bakoresheje indege.

Batinya ko amazi ashobora kubomora urwo rugomero, agatera ako karere ariko rero bashoboye guhokesha urugero rw'ayo mazi ku buryo impungenge bari bafise zagabanutse.