Ibifungurwa i Gitega bigura umugabo bikananira uyundi

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza
Abadandaza banze imboga mw'isoko ya Gitega
Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Gitega mu Burundi baravuga ko badafise uburyo bwo gutunga imiryango yabo, bagasaba leta ko yogabanya ibiciro.
Abacuruzi bo bisobanura bavuga ko iyo bagiye kurangura basanga ibiciro byarazamutse.
Uruzuba hamwe n'imvura nke canke y'umurengera biri mu vyatumye abantu mu bice bitandukanye vy'Uburundi bugarizwa n'inzara.
Ariko n'igabanuka ry'imfashanyo uburundi bwahora bukura hanze ribifisemwo uruhara.
Mu masoko yo mu gisagara ca Gitega, usanga ahri hamqe ibibanza vyo kudandarizamwo ibifungugwa bigaragara, ahandi hanze bike bike.
Abenshi bavuga ko n' ibibonetse bikomeza kuduga ibiciro.
Uretse abaguzi, n'abadandaza ivyo bifungurwa bavuga ko nabo nyene bageramiwe, kubera iyo bagiye kubirangura basanga bizimvye cane.
Abo banyagihugu babona ugutandukanye igituma ibiciro biduga.
Hari ababona ko biterwa n'ibirere bitagenze neza, abandi bakibaza ko ari ingaruka z'ibihe vya politike Uburundi buhitiyemwo.
Icegeranyo giherutse gushirwa ahabona n'amashami ya ONU akorera mu burundi cerekana ko abarundi bagera ku miliyoni 3 bakeneye imfashanyo yihuta.
Benshi muri bo bakeneye ivyo kurya hamwe n'imbuto kubera ataco bimirije kwimbura.