Mukuru wa perezida wa Koreya ya ruguru yoba yishwe

Ifoto ya Kim Jong Nam yo mu 2010 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kim Jong Nam, yari amze igihe aba mu buhungiro

Amakuru aturuka ku muntu yegereye umuryango wa Kim Jong Nam, mukuru wa perezida wa Koreya ya ruguru ariko badasangiye abavyeyi bompi, yemeza ko yishwe hakoreshejwe uburozi.

Ibinyamakuru vyo mu karere bikwiragiza amakuru yemeza Kim Jong Nam yishwe hakoreshejwe inshinge ziriko uburozi, canke zicucagiyeko ibintu.

Hoba hariko harakogwa amatohoza mu nzira yo kumenya icamwishe.

Kim Jong Nam niwe yari umuhungu mukuru w'uwari perezida wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Ill.

Yabaye mu buhungiro hanze ya Korea ya ruguru kuva yirengagijwe ntaragwe ubutegetsi, bwahawe murumunawe.