Umuhanuzi wa Trump asabigwa itohoza kubera gushigikira Ivanka.

Kellyanne Conway

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Kellyanne Conway yavugiye kuri tereviziyo amagarira abantu kugura ibidandazwa vya Ivanka Trump

Umugwi ujejwe gukwirikirana iyubahirizwa ry'inyifato ibereye mu kazi, muri leta ya perezida Donald Trump, wasavye ibiro vyiwe itohoza ku muhanuzi wiwe Kellyanne Conway.

Ibiro vya perezida wa Amerika bisabwa gutohoza ku muhanuzi muri vyo Kellyanne Conway, kubera inyifato yiwe yo gushigikira ku mugaragaro umukobwa wa Donald Trump, Ivanka Trump.

Umugwi ujejwe gukwirikirana inyifato, wemeza ko hari impamvu zikomeye zituma gukeka ko Kellyanne Conway yarenze ku mabwirizwa ngenderwako y'abakorera leta, igihe yasaba abantu kugura ibidandazwa vy'umukobwa wa Trump.

Ivyo Kellyanne Conway yabivuze mu kiganiro yatanze kuri tereviziyo, mu ndwi iheze, inyuma y'aho iduka rishikana ivyo bidandazwa ku baguzi Nordstrom rihebeye gukoresha izina rya Ivanka Trump.